By mapozi só novidades |
Thu, 04-Jun-2026, 18:22
Burundi 🇧🇮 South Africa 🇿🇦
Abo mubona kw'Ifoto nibo biyemereye ko bahiritse Ubutegetsi naho vyabataye kuwa mazi l,Jewe Jay best hamwe n'Umuryango wanje wose ntabwo tuzokwigera dushigikira abahirika Ubutegetsi bwashizweho nabene gihugu biciye mumatora.
Abarundi batari bake twavukiye muntwazo za ma Coup d'etat dukurira muntambara z'Itumwe nama Coup d'etat ariko gushika ino Saha hari abarundi bagifise Ivyiyumviro vyo guhirika ubutegetsi buba bwashizweho nabene gihugu ngo babaserukire, iyo ngendo abarundi batari bake turayiyamirije ntize isubire.
Ubuyobozi bwa Burundian Diaspora mugihugu ca Africa y'epho burabandanya ibikorwa ukuri kwamye mugihe hariho abamaze imisi batangaza mumagroup bongera basanga abantu Muma Whatsa app yuko bahiritse ubuyobozi bwashizweho nabene gihugu bahagarikiwe na Samuel ndayiragije asanzwe arongoye Diaspora Ndundi kurwego rw'Isi.
Mumakuru tumaze gutohoza aremeza yuko izi mvururu zose zo gushaka guhirika Ubuyobozi bwa Burundian Diaspora buserukiwe na Sindayihebura Ramadhani vyavuye kumahera Abari bagize Komite yiwe baheranye
Inyanduruko ya vyose uwitwa Onesphor Ndayihereje batazira (chincha ) yahoze ari muri Komite ya Burundian Diaspora yisuzwa amahera angana R1503 yatoje mukwezi kwa mbere 2026 kugira uburongozi buhambane iteka Umwenedata yitavye Imana nanubu ayo mahera akaba atarayashikana mukigega ca Communoute yabarundi
Mumajambo uyo chincha yakwiragije ahatandukanye kumbuga zitandukanye we yagiriza ubuyobozi bwa Diaspora ko aribo baheranye ariko muvyemezo twaronse birerekana ko Chincha aheranye amahera yatoje atigeze ashikana mukigega (Icemezo muragisanga Muri komanteri)
Nayandi mahera nyene yahawe na Communoute (kugira akemure ikibazo ciwe tudashimye gucisha hano....... (Family mater) ayo nayo ni ayandi mahera yishuzwa na Communoute Burundian Diaspora in RSA
Uwahiritse ubuyobozi maze agasezeranirwa Intwaro rusangi nkuko mumubona ngaho kwifoto ariko arahabwa Urufunguruzo rw'Inzu ubuyobozi bwahora bukoreramwo (king James )
Imvo ni mvano mumakuru twatohoje yatumye King James abona ko yova inyuma y'Uwurongoye Abarundi kurwego rwa Diaspora Ramadhani Sindayihebura nuko King James yasavye Ideni mumahera y'Ikigega ca Communoute ariko Prezida Rama yanka kwemeza itegeko ryo kugurana amahera King James kubera ko Hariho Abarundikazi benshi bituye ubuyobozi babusaba Imfashanyo yabana babo bari bimirije kuja mumashuri gutyo King James arakazwa no kubona Amahera ya Communoute yoja gufasha abantu batiyandikishije nkabanywanyi ba Communoute ( kuba umunywanyi bisaba kuba wararishe amahera) kuva ico kigihe King James yatanguye kuba umukeba wa Prezida Rama.
Bonne-Fete Nkenshimana nkuko mumubona kwifoto yahoze ayoboye Communoute yabarundi kurwego rw'Intara ya Western (cape town) mugihe Urwego rwa Diaspora rutari bwajeho, Prezida Rama amaze gutorwa ayobore Burundian Diaspora yagerageje kubaka Imigenderanire hagati Ya Communoute yabarundi hamwe n'Ubutegetsi bw'Igihugu c'Uburundi ( Ambasade ) kugira Service zose abarundi bazokenera bizoborohere cane gose, Prezida Rama y'Ubatse Imigenderanire hagati y'ubuyobozi bwiwe hamwe N'ishirahamwe UNHCR, UCT kugira Abarundi bose bakenera services bazironke vyoroshe, Prezida Rama yaranatumiwe munama nshingamateka ya South africa agenda nkuwuserukiye Diaspora ndundi mugihugu ca South africa, ivyo bikaba vyabaye imboneka rimwe.
Prezida Rama yahaye Ubutumire Umuserukizi w'Uburundi mugihugu ca Africa y'epho Amb Bukuru Alex mubirori vyaheruka kubera muntara ya Capetown arinavyo vyatumye Bonne-Fete atangura kubona yuko ataco amaze mubuyobozi bwa Communoute,
Amakuru twatohoje neza aravuga yuko uyo mushingantahe Bonne-Fete yidogeye cane Indongozi Rama kuba yamukumuriye cane murivyo birori aho yagaragara nkumuntu atigeze ahabwa ubutumire ngo ahabwe icubahiro ciwe kimubereye, iyo nayo akaba ariyo mvo yatumye Bonne-Fete akora ibishoboka vyose agakorana nabari muri Commutte Executif ya Prezida Rama ngo bikunde bamuhirike Ave kubutegetsi ariko inzira yo guhirika Ubutegetsi abarundi twarayisezereye kuva kera ntaneza ya Coup d'etat.
Gumana natwe dushishikara kubereka vyishi mwakumva nkibihuha naho tubishire ahabona abarundi mumenye ukuri kurizo Coup d'etat baguma batangaza muri bino bihe bibi Abanya Mahanga babayemwo mugihugu ca South africa 🇿🇦